KAHISE NA KAZOZA
Ihuriro riharanira iteka ku Burundi, amahoro, ukwidegemvya n’impinduka nziza mu Burundi.
UMUGAMBI • HORIZON 30 ANS
Ibikenewe n’ingorane, ibikorwa bitegekanijwe, abahinga n’ivyitezwe mu myaka mirongo itatu.
Gusubiza iteka Uburundi mu gushinga ubutungane nyabwo kugira dukingire amategeko ya Demokarasi mu tumbero yo gushira hamwe urwaruka rw'ubu n'urwa kazoza mu vyerekeye kuba Umurundi w'akarorero no mu bijanye n'iterambere mu Burundi.
Ubwa mbere haza ubwenge hagakenerwa incabwenge.
Guhagarikira no kwubahiriza iteka ku Murundi wese n'ubutunzi buboneka n'ubutaboneka bw'Uburundi.
Kwitaho gutanga inyishu nziza ku gikorwa wahawe mu gihugu.
Kumenya no gutegera neza ico uri, ikibanza cawe mu bandi hamwe n'ico uhamagariwe gukora mu Burundi.
Kwitaho gutanga inyishu nziza ku gikorwa wahawe mu gihugu.
Nimba uru rwandiko ruri mu maboko yawe uno musi, nta na gato ari impanuka. Bisigura ko igihe cashitse. Igihe aho kwigira sindabibazwa bihinduka uguhemukira igihugu. Igihe c'aho duhaguruka tukarwanira ITEKA RY'UBURUNDI KIRAGEZE! Igihe cokuvavanura n'amacakubiri afatiye ku bwoko abakoroni b'ababirigi batuzanyemwo kirageze!
Twari igihugu kimwe imbere y'ubukoroni. Mu Burundi bwa kera, amazina Umuhutu, Umututsi, Umutwa ntiyasigura ubwoko. Ayo majambo ntiyerekana agaciro k'umuntu, ntiyerekana uburenganzira bw'umuntu canke inkomoko yiwe. Yari amazina y'imirimo y'abantu mu miryango itandukanye, mu gihugu kimwe, Umwami umwe, icivugo kimwe, rurimi rumwe rw'ikirundi, ku gihugu kimwe, imico n'akaranga bimwe.
Kuva mu 1895, abadagi barinjiye ku nguvu mu Burundi. Hanyuma kuva mu 1910, ababirigi bashitse, intwaro y'ubukoroni, ivangura, ipanze mu ntumbero yo gutandukanya, iba iravutse. Bakoresheje inyigisho izwi cane: 'Gabura ngo ugabe.' Bapima amazuru, bapima igahanga, bafata Abarundi(kazi) nk'abaja, bashizeho inzego z'ibinyoma, bamwe barabahaye uburenganzira bwo kuja kw'ishure abandi barabimwa, bazanya amakarata ya karangamuntu arimwo ubwoko.
Iyi nyandiko si inyigisho zo kwiyamamaza, si ijambo ry'urwanko, si ukwihora. Ni inyandiko y'ubumwe n'umwidegemvyo ku Barundi n'Abarundikazi. Iriho kugira isigure, yigishe, ikangure, itange inyishu, yerekane inzira ishoboka. Iriho kugira ibwire Abarundi iti: 'Ntiwemere kwiyita amoko yazanywe n'abandi. Uri UMURUNDI N'UMURUNDIKAZI. Birakwiye.'
Uburundi, nk'ibindi bihugu vyinshi vya Afrika, ntibwananiwe kubera kubura ubutunzi, ntibwananiwe kubera kubura ubutwari n'ubwira. Bwarananiwe kubera intwaro za politike zigizwe n'ibiturire hamwe n'ubujuju, intwaro zitajanye n'ukuri kwacu kw'Abarundi n'Abarundikazi. Mu Burundi, demokarasi y'ubu yaragizwe igikoresho ca ba Nsumirinda, yarakoreshejwe mu gutandukanya mu moko, yaratakaje agaciro kayo. Poritike Interijensiya ntihakana demokarasi — irayunganira, ikayitunganya neza ifatiye ku Burundi, ikayishira ku murongo mwiza.
Kenshi ba nsumirinda bafise inyigisho ushira imbere umugambwe, umuyobozi mukuru, ubwoko bwazanywe n'Abakoroni, canke Reta itagira umutima. Poritike Interijensiya ishira UMURUNDI(KAZI) imbere ya vyose. Umurundi(kazi) atanga igiturire atuma haba Reta y'ibiturire. Umurundi(kazi) w'iteka azana intwaro y'iteka n'itekane. Agace gato kagize Uburundi ni UMURUNDI n'UMURUNDIKAZI — aho ni ho ihinduka ritangurira.
Poritike Interijensiya ihagaze ku nkingi zitanu: Akaranga k'Ubwenge (ubwa mbere haza ubwenge mu ntwaro z'igihugu), GIRA ITEKA (kwubahiriza no gukingira ibwirizwa nshingiro, ubutegetsi si ikintu co kwiyitirira), Kubazwa ivyo ukora (nta muntu ari hejuru y'ibwirizwa nshingiro), Umurundi(kazi) w'akarorero (gusoma ibwirizwa nshingiro no kwubahiriza amategeko), n'Akaranga k'Intahe y'ukuri (ubutungane bukwiye kuba bungana kuri twese).
Izi nkingi uko ari zitanu ntizikora imwe imwe yose ukwayo. Zirakorana, zigashigikiranira. Imwe yonyene ntihagije. Zose hamwe ni ho zizana ihinduka mu Burundi. Umuhari Panafrika Komezamahoro ukoresha Poritike Interijensiya kubera ko turarengeye ivyiyumviro vy'amoko yazanywe n'abakoroni, kandi turiko twubaka Abarundi n'Abarundikazi bishasha.
Imbere y'ukuza kw'abanyaburaya, u Burundi bwari ubwami butunganijwe neza, bufise Imana, Umwami, Abatware, inzego z'ubutungane, Intore arizo ntwazangabo z'umwami, inyigisho kuva ku bana bato, imiryango, akaranga, imico n'imigenzo, ubumwe hagati y'imiryango, n'ururimi rumwe: IKIRUNDI. Amajambo Umuhutu, Umututsi, Umutwa yasobanura ikibanza ufise mu Barundi bifatiye ku matungo n'igikorwa mu muryango, ntiyasigura amoko.
Mu 1895, abakoroni b'Abadagi binjiye mu Burundi ku nguvu. Hanyuma kuva mu 1906-1910, Ababirigi bashitse bashizeho ubutegetsi bugabura Abarundi(kazi) mu mirwi y'amoko atatu. Ntibategetse gusa — barahinduye inyubako y'inzego z'igihugu cose. Baragabanije ubunini bw'igihugu c'Uburundi bongera batwigisha kwankana hagati yacu. Intumbero ntiyari iy'amahoro — yari kuganza, gusahura, kwirinda imyiyerekano, kugumiza igihugu mubuja.
Ababirigi bakoresheje ukugabura abarundi(kazi) mu mirwi y'amoko kugira ntibahurize hamwe ivyiyumviro. Amazuru niyo agena ico uri, amashure azojamwo abatutsi gusa, bazanye urwanko mu Barundi. Barapima amazuru, agahanga, umubiri, uburebure n'ubugufi. Mu 1926, bacagaguye igihugu c'Uburundi, badutwara ibice binini nka BUHA na BUGUFI babita Tanzaniya.
Aya macakubiri afatiye ku bwoko Ababirigi bazanye yasambuye urukundo hagati y'abavukanyi, yasigiye igihugu ubwoba n'urwanko, yazanye intambara kuva twikukiye, yatanze impamvu z'ubwicanyi n'intwaro y'igikenye. Ivyo ntibiva ku kamere k'Uburundi — ni ingaruka z'ubukoloni. KOMEZAMAHORO iriyamiriza ubwoko mu Burundi kuko ntibubaho, iratahura ubukoloni kandi iraburwanya. Ntitwihakana kahise — turabitahura kugira tubirwanye.
Imbibe tubona uno musi ntizavuye ku biganiro vy'abarundi(kazi), ntizavuye kuri kahise k'ubwami bwacu bwite, ntizavuye ku mico, karanga canke indimi. Zavuye ku nama z'i Buraya, Abarundi n'Abanyafrika ata n'umwe arimwo. Inama ya Berlin (1884-1885) yaciye ivuga iti: Afrika igabanywa hakurikijwe inyungu z'abanyaburaya. Uburundi ntibwacitse kuri iyo ngingo — bwaragabanijwe kandi bwatwawe ikibanza gusumba ico dusigaranye ubu. BUGUFI na BUHA zari intara mu bwami bw'Uburundi.
Ibihugu binini vy'Afrika vyari akaga ku bakoroni kubera ubumwe butuma abantu bihagararako, kwihagararako gutuma barwanya neza abakoroni. Umuti wabo: kugabanya ubunini bw'ubwami, kurema Reta nto igabuyemwo imirwi, kurema imbibe z'ibinyoma. Amakarata yerekana imirongo igororotse, imbibe zidahuye n'ukuri kw'abanyafrika, imiryango yaciwemwo ibice. Umurongo waciwe mu buseruko bw'Uburundi si uruzi, si umusozi — ni umurongo w'ukuganzwa n'abakoroni.
Inyifato y'Umuhari Panafrika KOMEZAMAHORO: kwemera imbibe z'ubu nk'amategeko mpuzamakungu ariko turwanira igarurwa ry'ibibanza twibwe, kwanka intambara, gutangura ibiganiro vy'umuwumvikano hagati y'Uburundi, Tanzaniya, Ububirigi n'Ubwongereza, guteza imbere inyigisho Nationalisme/Panafricanisme. Umuti si intambara — umuti ni ubumwe n'ubwenge.
Uburundi si igihugu gikenye — ni igihugu gikeneshejwe. Ubukene si kamere, ni ingaruka z'ubukoloni, gusatagura ubutaka, intwaro mbi z'ubu n'igiturire. Uburundi bufise Nickel, Vanadium, Cobalt, Zahabu, Cassiterite, Terres rares, Phosphates, Tourbe n'amahirwe y'inguvu z'amashanyarazi. Ni ubutunzi bw'ikinjana ca 21 — isi y'ubu ikeneye amabateri, technologie nshasha, inguvu zisukuye, robotique n'intelligence artificielle.
Ubutare buribwa n'inzego zo hejuru, bukagurishwa ku giciro gito, bugatunganywa budatosowe neza, bukagaruka mu bikoresho vy'iterambere bizimvye ku Murundi(kazi). Ubukoroni burabandanya mu bundi buryo. Poritike Interijensiya isaba gutahura agaciro k'ubutunzi, kwigisha mu mashure akomeye abahinga b'Abarundi(kazi), gukorera mukuri, gutunganya neza ikarata y'ubutare iwacu, gushora ubutare mu nzira zungukira igihugu.
Diaspora y'Abarundi n'Abarundikazi irafise ubumenyi igihugu gikeneye cane, irazi ibiba kw'isi n'indimi nyinshi, irafise ubushobozi bwo gushora ivy'Uburundi hanze mu mahanga. Ni ikiraro hagati y'Uburundi n'isi. Igihugu kititaho diaspora yaco kiba cihemukiye ubwaco.
Igihugu ntigihindurwa n'amajambo gusa — gihindurwa n'inyigisho, n'ugutunganya, n'ugufatanya hamwe mu bikorwa vy'ihinduka. Urutonde rw'ibikorwa vya Komezamahoro ruhuza abanywayi bose, rutanga inyigisho, rwigisha kwitangira igihugu no kwubaka 'Etat de droit', ruhuza Abarundi n'Abarundikazi ata kuvangura mu moko.
Abana (4-12): 'Ndi Umurundi' — kwigisha ubumwe n'igihugu. Abasore n'inkumi (13-17): 'Ndatahura igihugu canje' — kwigisha kahise hatarimwo urwanko. Urwaruka rubasha (18-35): 'Ndubaka kazoza' — imyuga, ubuyobozi bwiza, technologie, Pan-Africanisme. Abagabo n'Abagore (36-60): 'Ndakingira igihugu' — inshingano, amategeko, ubumwe. Abakurambere (61+): 'Ndagisha abazokurikira' — ubuhinga, ubuhuza, ukwiyisha.
Impunzi z'Abarundi(kazi) si ingorane — ni ubutunzi bw'igihugu bwibagiwe bugasuzugurwa, bikenewe kwigisha ikirundi, imyuga, kwitegura gusubira mu gihugu mu mahoro. Diaspora ikenewe gutunganya ubumenyi, gushora amasoko y'ibiva mu Burundi, kurera urwaruka rwa kazoza, kuvugira neza igihugu. Abagore n'abana bakenewe mu buyobozi, ubutunzi n'umutekano. Igihugu gitesha agaciro abagore n'abana kirasuzugurwa.
KOMEZAMAHORO si umuhari gusa — ni UKWIKANGURA. Si ivy'amoko, si urwanko, si akajagari. Ni ukwikangura kw'ihinduka, ubumwe n'ubwigenge. Iratanga inzira, iciyumviro n'inshingano rusangi ku Burundi budafise amoko y'abakoroni, aho kuba Umurundi(kazi) birengeye ubwoko bwazanywe n'abandi, aho Reta ikorera Abarundi(kazi), aho ubutunzi bukoreshwa mu nyungu z'iterambere.
KANGUKA Barundi n'Abarundikazi, HAGURUKA TURI BAMWE! Haguruka n'ubwenge. Gendana ubutwari. Wubake n'ubumwe. Imana Imwe. Ururimi rumwe. Uburundi bumwe.
Iyi nyandiko si iherezo. Ni intango. Abana bacu baratwitegereza. Abazovuka ejo nibakubaza ico wakoreye igihugu — uzobasigira iki nk'inyishu?