IMIGABO N’IMIGAMBI Y’UMUHARI PANAFRIKA KOMEZAMAHORO INYANDIKO YEMEWE KU MUGARAGARO UMUHARI PANAFRIKA KOMEZAMAHORO Politike y’Intelligentsia (Ubwenge) nk’ishingiro ryo gusubiza ITEKA Uburundi IGICE CA I — INTANGAMARARA UMUKURU KARYENDA ASHIKIRIZA IJAMBO ABARUNDIKAZI N’ABARUNDI Ijambo nshingiro rirambuye: ugutangaza ivuka ry’Umuhari Panafrika KOMEZAMAHORO Barundi, Barundikazi, namwe rwaruka, kazoza k’Uburundi; bana b’igihugu c’Uburundi, bana b’umutima, bana b’ingoma ya NTARE: Amahoro n’Urukundo bidusage. Nimba uru rwandiko ruri mu minwe yawe uyu musi, si ikintu capfuye kwizana. Bisigura ko igihe cashitse. Igihe aho kwigira sindabibazwa biba uguhemukira igihugu. Igihe co guhaguruka tukarwanira ITEKA RY’UBURUNDI kirageze! Igihe co kuvavanura n’amacakubiri afatiye ku moko abakoloni b’Ababiligi batuzanyemwo kirageze. Ayo macakubiri ategerezwa gusamburwa burundu. Umukuru Karyenda ntavuga kugira acanishemwo Abarundi n’Abarundikazi. Ndavuga kugira ndabahuze. Ndavuga kugira ndabakangure no kugira nsubize hamwe ubumwe bw’Abarundi n’Abarundikazi bwasambuwe n’amoko yazanywe n’abakoloni. 1. Twari igihugu kimwe imbere y’ubukoloni Imbere y’uko ubwato bujabuka ibiyaga n’amabahari, imbere y’uko amakarata y’ibihugu ashushanywa ku nguvu mu biro vy’abakoloni i Buraya, imbere y’uko amategeko y’abanyamahanga atugenera ico turi, twari Abarundi bamwe. Mu Burundi bwa kera, amazina Umuhutu, Umututsi n’Umutwa ntiyasigura amoko. Ntiyagena agaciro k’umuntu, agateka kiwe, amamuko yiwe, icubahiro canke agasuzuguro. Ayo majambo yari amazina y’ibikorwa vy’abantu mu miryango itandukanye, mu gihugu kimwe, gifise Umwami umwe, icivugo kimwe, ururimi rumwe rw’ikirundi, imico n’akaranga bimwe. 2. Uko ubukoloni bwahinduye amajambo ibirwanisho Kuva mu mwaka wa 1895, Abadagi binjiye ku nguvu mu Burundi biciye mu bwicanyi, bashaka kudutwara muri Amerika nk’abaja no gukoloniza igihugu cacu. Ni ho havuye imvugo nka: « Muzungu digidigi — zana amagi, zana amasoro. » Hanyuma, kuva mu mwaka wa 1910, Ababiligi barashitse; intwaro y’ubukoloni n’ivangura, itunganijwe mu ntumbero yo kudutandukanya, iba iravutse. Ibi ndababwira vyanditswe mu nyandiko z’abakoloni ubwabo. Bakoresheje inyigisho izwi ngo « Divide and Rule »: « Gabura ngo ugabe. » Barakoze ibi bikurikira: • Bapimye amazuru n’ibihanga. • Baritegereje ubugufi, uburebure n’ingene dusa. • Bafashe Abarundi n’Abarundikazi nk’abaja. • Bashizeho inzego z’ibinyoma zirwanya intwaro y’Umwami. • Bamwe barabahaye uburenganzira bwo kwiga, abandi barabubima, babigira n’ibigirankana. • Bazanye mu Rwanda amakarata karangamuntu yerekana amoko. • Bacagaguye Uburundi, batwara ibice binini nka BUHA na BUGUFI, babishira mu gihugu citwa Tanzaniya uyu musi, biciye mu masezerano y’Ababiligi n’Abongereza. Iyo ntumbero yari iyo kutugabanyiriza inguvu zo kuba benshi no guhangana n’abakoloni. Yari politike y’ubuja n’ubukoloni. 3. Igikomere dufise gushika n’ubu Amacakubiri afatiye ku moko Ababiligi bazanye: • Yasambuye urukundo hagati y’abavukanyi. • Yasigiye igihugu ubwoba n’urwanko hagati y’Abarundi n’Abarundikazi. • Yazanye intambara kuva Uburundi bwikukiye. • Yatanze imvo z’ubwicanyi n’intwaro y’igikenye. • Yatandukanije Abarundi n’Abarundikazi mu migwi y’Abahutu, Abatutsi n’Abatwa. Gushika uyu musi, ubwo bumara buracariho igihe intwaro zitubwira ivy’amoko aho kutwigisha kuba bamwe nk’Abarundi n’Abarundikazi. 4. Igituma iyi nyandiko iriho Iyi nyandiko si inyigisho zo kwiyamamaza, si ijambo ry’urwanko, si ukwihora kandi si uguhamagarira ubwicanyi bufatiye ku moko abakoloni bazanye. Ni inyandiko y’ubumwe n’umwidegemvyo w’Abarundi n’Abarundikazi. Iyi migabo n’imigambi iriho kugira isigure, yigishe, ikangure, itange inyishu kandi yerekane inzira ishoboka. Iriho kugira ibwire Abarundi iti: « Ntiwemere kwiyita amoko yazanywe n’abandi. Uri UMURUNDI canke UMURUNDIKAZI. Birakwiye. » 5. Uruhara rwa Politike y’Intelligentsia Politike y’Intelligentsia yatanguye mu mwaka wa 2015. Ntiharanira ubutegetsi kubera ugushaka gutegeka gusa. Ishira UMURUNDI N’UMURUNDIKAZI imbere, ku mutima w’igihugu: ubwenge bwiwe, umutimanama wiwe, inshingano ziwe n’icubahiro ciwe. Ivuga ukuri gukomeye: « Uburundi ntibushobora guhinduka burundu, kiretse Abarundi n’Abarundikazi bahindutse mu mitima no mu bwenge bwabo. » 6. Akamo k’Umukuru KARYENDA Abarundikazi n’Abarundi, igihe c’ubwoba cararangiye. Igihe c’amoko yazanywe n’abakoloni cararangiye. Igihe c’ukwiheba cararangiye. Iki ni igihe c’ihinduka rikomeye: ihinduka ry’ivyiyumviro, ry’inyifato, ry’inyigisho n’iry’inshingano. 7. Akamo ko kurangiza intangamarara KANGUKA, BARUNDI N’ABARUNDIKAZI! HAGURUKA, TURI BAMWE! Injira mu rugendo. Ba uwugira uruhara, ntube umurorerezi. Igihugu cawe kiragukeneye. Igihugu kimwe, ata macakubiri y’amoko. Umutima umwe. Urukundo rumwe. Uburundi bumwe. Amahoro n’Urukundo bidusage. KOMEZAMAHORO — UMUHARI PANAFRIKA Politike y’Intelligentsia nk’ishingiro ryo gusubiza ITEKA Uburundi, Abarundi n’Abarundikazi. IGICE CA II — AMAHAME Y’INYIGISHO ZA KOMEZAMAHORO POLITIKE Y’INTELLIGENTSIA: GUHA AGACIRO UBWENGE N’UBUSHOBOZI 1. Igituma hakenewe inyigisho nshasha Uburundi, nk’ibindi bihugu vyinshi vya Afrika, ntibwananiwe kubera kubura ubutunzi, ubwenge, ubutwari canke ubwira. Bwarananiwe kandi buracababara kubera intwaro zirangwa n’ibiturire n’ubujuju, zitajanye n’ukuri kw’ubuzima bw’Abarundi n’Abarundikazi, zishira ubujuju imbere ubwenge bukaja inyuma. Demokarasi y’ubu, uko yashizweho mu Burundi, yaragizwe igikoresho ca ba nsumirinda, ikoreshwa mu gutandukanya Abarundi n’Abarundikazi mu moko. Ntitanga uburenganzira bwo gutora uwo umuntu ashaka kandi yaratakaje agaciro kayo. Izo ni zo mvo zatumye Politike y’Intelligentsia ivuka. Ntihakana demokarasi: irayunganira, ikayitunganya neza hakurikijwe ubuzima bw’Uburundi, ikayiherekeza kandi ikayiha umurongo ubereye Umurundi, Umurundikazi n’Umunyafrika muri rusangi. 2. Insiguro nyamukuru ya Politike y’Intelligentsia Ijambo « Intelligentsia » riva mu kilatini, risigura ubushobozi bwo gutahura, kwiga, kurondera ubumenyi bushasha no kubukoresha mu buryo bwumvikana. Mu vyerekeye politike, bisigura ko politike ikwiye gukorwa n’Abarundi n’Abarundikazi bafise umutima, ubumwe, ingingo n’ubwenge. Politike y’Intelligentsia ivuga iti: • Ihinduka rirama ritangurira ku Murundi no ku Murundikazi umwe umwe. • Leta ni ishusho y’ingene Abarundi n’Abarundikazi bigenza. • Nta mpinduka ishoboka iyo umuntu yemeye kuba impumyi, sindabibazwa canke igikoresho. 3. Umurundi n’Umurundikazi ku mutima w’igihugu Kenshi, inyigisho za ba nsumirinda zishira imbere umugambwe, umukuru, ubwoko bwazanywe n’abakoloni canke Leta itagira umutima. Politike y’Intelligentsia ishira UMURUNDI N’UMURUNDIKAZI imbere ya vyose. Kubera iki? Umuntu atanga igiturire atuma haba Leta y’ibiturire. Umuntu atagira intumbero atuma haba intwaro idafise intumbero. Umurundi canke Umurundikazi w’iteka azana intwaro y’iteka n’itekane. Umurundi n’Umurundikazi ni bo shingiro ry’Uburundi. Aho ni ho ihinduka ritangurira. 4. Ihinduka ry’ivyiyumviro n’inyifato Politike y’Intelligentsia ishingiye ku ngingo zibiri nyamukuru. Guhindura uburyo bwo kwiyumvira mu buryo bwiza: • Kuvavanura n’iciyumviro ngo « Ntaco nshoboye », ukavuga ngo « NDASHOBOYE ». • Kwanka kuba igikoresho c’amoko abakoloni bazanye mu Burundi. • Gutahura agateka ko kwitwa Umurundi canke Umurundikazi. • Guteza imbere no kwitangira igihugu. Guhindura inyifato mu buryo bwiza: • Kurwanya igiturire. • Kwanka ukudahana mu butungane. • Gusaba abategetsi kwishura ku vyo bajejwe no gutanga inyishu zibereye. • Kwubaka Uburundi twese hamwe. • Kwanka kuguma uri impunzi mu mahanga. Iyo ivyiyumviro bihindutse, inyifato irahinduka. Iyo inyifato ihindutse, Abarundi n’Abarundikazi barahaguruka bakubaka igihugu. 5. Inkingi zitanu za Politike y’Intelligentsia Inkingi ya 1: UBWENGE Ubwenge buza imbere kandi bugakoreshwa mu ntwaro, mu gufata ingingo no mu gutegura iterambere ry’igihugu. Iyi nkingi ntiyemera inzego zikora ata nteguro, zisumira inda zazo canke zitwarwa n’ivyiyumvo vy’amoko no kugabura Abarundi n’Abarundikazi mu migwi. Gutwara igihugu si ukuganza gusa. Ni ukwiyumvira ukoresheje ubwenge, amategeko n’ivyigwa, ku neza no ku nyungu z’Abarundi n’Abarundikazi bose. Inkingi ya 2: GIRA ITEKA — LETA IGENDERA KU MATEGEKO Gira Iteka bisigura: • Kwubahiriza no gukingira ibwirizwa shingiro, gufata ingingo zifise ishingiro kandi zihesha Uburundi iteka. • Gukoresha neza amatungo y’abantu n’ay’igihugu, no kwubaha Abarundi n’Abarundikazi. • Gushira imbere inyungu rusangi. • Gutandukanya ububasha bw’inzego no gutuma zubahana. Ubutegetsi si ikintu co kwiyitirira. Ni inshingano yo kwishura ku vyerekeye Abarundi n’Abarundikazi. Inkingi ya 3: UMWETE N’UBWIRA — KWISHURA KU VYO UKORA Nta gihugu gishobora gutera imbere ata kubazwa ko ibikorwa umuntu ajejwe vyakozwe neza. Ivyo bisaba ukuri, gusigura ivyo umuntu yakoze, kwishura ibibazo vyose vyerekeye igikorwa ajejwe no kwemera gusuzumwa n’izindi nzego zibijejwe. Nta muntu ari hejuru y’ibwirizwa shingiro. Ukudahana ni umwansi wa mbere w’igihugu. Inkingi ya 4: UMURUNDI W’AKARORERO Iyi nkingi iraba Umurundi n’Umurundikazi wese aho ari hose kw’isi. Bisigura: • Gusoma ibwirizwa shingiro no kumenya agateka kawe. • Gushira mu ngiro ivyiyumviro vyawe vyiza. • Kwubahiriza amategeko. • Kugenzura inzego kugira ntizinyuruze amatungo y’igihugu, no gushira ahabona amakosa aho uyabonye hose. Umuntu yihorera abonye ikosa aba yirengagije inyungu rusangi. Umurundi canke Umurundikazi w’akarorero arakomeza igihugu ku nyungu za bose. Inkingi ya 5: INTAHE Y’UKURI Ubutungane bukwiye kungana kuri bose, kwigenga no gushikira abantu bose. Ata butungane, nta mahoro arama, nta kunywana nyakuri kandi nta terambere. 6. Gukorana kw’inkingi: ivuka rishasha Izo nkingi zitanu ntizikora ukwazo. Zirakorana kandi zigashigikirana. Umurundi n’Umurundikazi ni bo bazisunga mu buzima bwa misi yose aho bari hose. Uko izo nkingi zisungwa mu buzima bw’abantu, ni ko n’igihugu gihindura ingendo. Inkingi imwe yonyene ntihagije. Zose hamwe ni zo zizana ihinduka mu Burundi. 7. Igituma KOMEZAMAHORO yisunga Politike y’Intelligentsia Umuhari Panafrika KOMEZAMAHORO wayisunze kuko urenga ivyiyumviro vy’amoko yazanywe n’abakoloni, ubona ko demokarasi ikoreshwa nabi n’inzego zishira imbere ubwoko bufatiye ku mazuru y’abantu, kandi ushaka kwubaka Uburundi, Abarundi n’Abarundikazi bishasha. Si umugwi w’ishavu n’imigumuko. Ni umuhari wo gukangura no kwubaka Abarundi, Abarundikazi n’Uburundi. IGICE CA III — KAHISE K’INTWARO Y’ABAKOLONI N’AMACAKUBIRI YASHINZWE N’ABABILIGI INGENE UBURUNDI BWAPFUNYWE KUGIRA BUGANZWE 1. Uburundi imbere y’ubukoloni: igihugu kimwe, Umwami umwe Imbere y’ukuza kw’Abanyaburaya, Uburundi ntibwari akajagari, igihugu c’abantu bashwiragiye canke uruhurirane rw’amoko arwana. Bwari ubwami butunganijwe neza, bufise Imana, Umwami, abatware, inzego z’ubutungane, Intore ari zo ntwazangabo z’Umwami, inyigisho kuva umuntu akiri umwana, imiryango, akaranga, imico n’imigenzo, ubumwe biciye mu bukwe no mu zindi manza, n’ururimi rumwe: IKIRUNDI. Amajambo Umuhutu, Umututsi n’Umutwa yamye akoreshwa mu kirundi, ariko ntiyasigura amoko afatiye ku mazuru canke ku ntwaro. Yerekana ikibanza umuntu afise hakurikijwe amatungo — inka, imirima n’ibindi — canke igikorwa c’umuryango akomokamwo, nk’Abanyakarama, Abasafu, Abagaranzura, Abashoka, Ababibe, Abarwiza n’iyindi miryango myinshi. Ikibanza umuntu afise carashobora guhinduka bivanye n’amatungo aronse canke anyazwe. Kuva mu myaka ya 1500, Abarundi n’Abarundikazi bose bari mu gihugu kimwe, bafise Umwami umwe. 2. 1895: ukuza kw’Abadagi, abakoloni ba mbere Mu mwaka wa 1895, abakoloni b’Abadagi binjiye mu Burundi ku nguvu. Intore z’Umwami zarwaniye igihugu imyaka myinshi. Abadagi bategeka bakoresheje ubutegetsi bwari buhasanzwe; ntibahinduye imico yose ubwo nyene, ariko bazanye ikimoko. Bazanye kandi iciyumviro co kwigarurira ubwami, amakarata y’igihugu n’intwaro y’abanyamahanga. Uburundi bwatakaje ukwigenge kwabwo kwuzuye, ivyiyumviro vy’abantu na vyo birahinduka. 3. 1906–1910: Ababiligi n’ihinduka ribi, ukuza kw’amoko Ababiligi bashizeho intwaro igabura Abarundi n’Abarundikazi mu migwi y’amoko atatu. Ntibategetse gusa: barahinduye imiterere y’inzego z’igihugu cose, bagabanya ubunini bw’Uburundi kandi bigisha abantu kwankana. Intumbero ntiyari amahoro. Yari ukuganza, gusahura, kwirinda imyiyerekano no kugumiza igihugu mu buja. 4. « Gabura ngo ugabe » mu Burundi Ababiligi bagabuye Abarundi n’Abarundikazi mu migwi y’amoko kugira ntibahurize hamwe ivyiyumviro. Amazuru yabaye ikigena ico umuntu ari. Amashure yagenewe Abatutsi gusa, abandi bakumirwa ku nguvu. Urwanko rwarashinzwe kandi ubwoko buracakoreshwa nk’igikoresho ca politike ya « Gabura ngo ugabe ». 5. Guhindura « amoko » igikoresho c’intwaro Amajambo yo mu kibano yahinduwe ibikoresho vya politike n’amazina y’amoko afatiye ku budasa bw’amazuru. Hatanzwe inyigisho z’urwanko zishingiye ku ngene abantu basa, bateye n’ingene bareha. Barapimye amazuru, ibihanga, imibiri, uburebure n’ubugufi. Ubwoko buhinduka icemezo c’amategeko, inzira y’inyungu za bamwe n’igikoresho c’ubutegetsi. Ivyo vyiswe « ubuhinga » bw’ikizungu. Uyu musi vyitwa ivangura rishingiye ku moko kandi birahanwa n’amategeko mpuzamakungu. 6. Ishure ry’amoko: igikoresho c’intwaro mbi Uwusenyura igihugu asenyura kazoza. Ababiligi bazanye amashure y’abapadiri bera, baha Abatutsi bonyene uburenganzira bwo kwiga, babima ku nguvu abo bise Abatwa n’Abahutu. Ishure rihinduka agateka k’abantu bake, igikoresho ca politike n’inzira yo kurema ubudasa mu bumenyi hagati y’Abarundi. 7. 1926: igabanywa ry’Uburundi, igikomere gikomeye Mu ntumbero yo gutanguza umugambi Abongereza bise « Tanganyika Territories », abakoloni b’Ababiligi barahevye igice kinini kiri muri Tanzaniya uyu musi. Ico gice kiruta ubunini bw’Uburundi bw’ubu. Umurongo wo ku rupapuro ugabura Uburundi kabiri wateye igikomere igihugu kitarakira gushika n’ubu. 8. Ingaruka zikomeye gushika uyu musi Urwanko hagati y’abiswe Abahutu n’abiswe Abatutsi, ubwicanyi, amacakubiri mu ntwaro, mu nzego no mu gisirikare, hamwe n’Uburundi buvugwa nk’igihugu ca mbere gikennye kw’isi: ivyo ntibiva ku kamere k’Uburundi. Ni ingaruka z’ubukoloni. 9. Igituma kwiga kahise ari ngombwa Kutigisha kahise ni ukwemera kubana n’ikinyoma, guha abategetsi uburyo bwo kugabura Abarundi mu migwi, no gusubiza kazoza mu mwijima no mu buja bw’abakoloni. Kuvuga ukuri si ukubiba urwanko. Ni ugukingira KAZOZA. 10. Inyifato ya KOMEZAMAHORO Turiyamiriza ubwoko mu Burundi kuko ntibubaho. Turatahura ubukoloni kandi turaburwanya. Twubaka politike yo kwitwa Umurundi canke Umurundikazi. Ntitwihakana kahise kabi canke keza twavuyemwo. Turagatahura kugira turwanye ibibi vyakavuyemwo. IGICE CA IV — IMBIBE, UBUTAKA N’IRAGI RYA NTARE RUGAMBA IGIHE AMAKARATA YA AFRIKA YASHUSHANYWA, UBURUNDI BWARAPFUNYWE ARIKO NTIBWAPFUYE 1. Imbibe za Afrika: umugambi w’abakoloni Imbibe tubona uyu musi ntizavuye mu biganiro vy’Abarundi, muri kahise k’ubwami bwacu canke mu mico, akaranga n’indimi. Zavuye mu nama z’i Buraya ata Murundi canke Umunyafrika n’umwe arimwo. Inama y’i Berlin (1884–1885) yemeje ko Afrika igaburwa hakurikijwe inyungu z’Abanyaburaya. Uburundi ntibwacitse kuri iyo ngingo: bwaragabanijwe, butwarwa igice kiruta ico dusigaranye uyu musi. 2. Uburundi n’akarere ka Tanganyika (1921–1962) Imbere y’ubukoloni, Uburundi bwari bumwe nk’ubwami, mu mico, mu ntwaro no mu mibano. Bwari mu karere k’ibihugu bifitaniye isano n’ikiyaga Tanganyika. BUGUFI na BUHA zari intara z’Ubwami bw’Uburundi. 3. Gusatagura Afrika kugira bayiganze Ibihugu binini vya Afrika vyari biteye ubwoba abakoloni: ubumwe butuma abantu bihagararako, bagashobora kurwanya abakoloni kandi bakirinda kuganzwa. Inyishu yabo yabaye ukugabanya ubunini bw’ubwami bwunze ubumwe, kurema Leta nto zigabuyemwo imigwi no gushinga imbibe z’ibinyoma. 4. Umurongo w’abakoloni ugabura abantu Amakarata yerekana imirongo igororotse, imbibe zidahuye n’ubuzima bw’Abanyafrika n’imiryango yaciwemwo ibice. Umurongo wo mu buseruko bw’Uburundi si uruzi canke umusozi: ni umurongo w’ukuganzwa n’abakoloni. Waciye imiryango, ubudandaji n’Ubwami bw’Uburundi kubiri. 5. Amasezerano y’Abanyaburaya atabajije Abarundi Imbibe zashinzwe biciye mu masezerano hagati y’Abanyaburaya no mu nyandiko z’intwaro y’abakoloni. Abarundi n’Abarundikazi ntibabajijwe. 6. Igituma ikibazo c’ubutaka kigihari Kuvuga ubutaka uyu musi si uguhamagarira intambara. Ni ugutahura aho intege nke zacu ziva, kwiga uko twokorana na Tanzaniya no gutegura ubumwe nyakuri bwa Afrika mu karere k’Ibiyaga Binini. 7. Ubutunzi n’inyungu z’isi Igihugu catandukanijwe kiroroshe gusahura no gucinyiza kubera intege nke. Akarere k’Ibiyaga Binini gafise ubutare bw’agaciro, inguvu z’umuyagankuba, amazi yo kunywa, ibibanza vy’iratiro, amatongo yagutse yo kurima no kwororeramwo, hamwe n’abantu benshi. Gutandukanywa bituma abandi badukoresha. 8. Inyifato ya KOMEZAMAHORO ku butaka • Kwemera imbibe z’ubu nk’urufatiro rw’amategeko mpuzamakungu, no guharanira mu biganiro ko ibibanza tuvuga ko twanyazwe bigarurwa. • Kwanka intambara hagati y’ibihugu birebwa n’ico kibazo. • Gutanguza ibiganiro vyo kwumvikana hagati y’Uburundi, Tanzaniya, Ububiligi n’Ubwongereza. • Guteza imbere inyigisho zo gukunda igihugu no guhuza Afrika mu Barundi n’Abarundikazi. Inyishu si intambara. Ni ubumwe n’ubwenge. 9. Ukwigenge nyakuri Igihugu kirigenga iyo kigenzura ubutunzi bwaco, imbibe zaco zikingiwe, gitahura kahise, ibiriho n’ivy’ahazaza, kibana kandi kigakorana mu mwumvikano n’ababanyi — Urwanda, Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo na Tanzaniya — kandi kigakingira Abarundi n’Abarundikazi. Ukwigenge si imbibe gusa. Ni n’ubushobozi bwo kuzikingira. 10. Politike y’Intelligentsia n’ubutaka Ubunini bw’igihugu n’aho Imana yagiteretse bishobora kuba inyungu canke igihombo, bivanye n’uwukirongoye. Kahise karategura kazoza; iyo kadatahuwe, ibiriho biba akaga. Kwibuka ata kwiyubaka no kwubaka igihugu cubahwa ni ubusa. IGICE CA V — UBUTUNZI, UBUTARE N’INYUNGU Z’ISI IGITUMA AFRIKA ARI UMUTIMA W’ISI N’UBURUNDI UMUTIMA WA AFRIKA 1. Ikinyoma kivuga ko Uburundi ari igihugu gikennye Bavuga kenshi ngo « Uburundi ni igihugu ca mbere gikennye kw’isi ». Iyo mvugo yerekana ingaruka z’intwaro mbi zikwiye guhindurwa. Uburundi si igihugu gikennye: ni igihugu cakeneshejwe. Ubukene si kamere. Ni ingaruka z’ubukoloni, gusatagura ubutaka, intwaro mbi z’ubu, kwisunga abanyamahanga mu vy’igihugu n’ibiturire bisahura Uburundi bikungahaza abategetsi. 2. Amatungo ari munsi y’ubutaka bw’Uburundi Amakarata y’ubutare yerekana nikel, vanadiyumu, kobaliti, inzahabu, kasiterite, ubutare bw’isi budakunze kuboneka, fosifate, ituruba, ubushobozi bwo kuronka umuyagankuba n’ibindi bitaratorwa. Ivyo si bike. Ni ubutunzi bw’ikinjana ca mirongo ibiri na rimwe. Isi ikeneye amabateri, ubuhinga bushasha, inguvu zisukuye, imashini zikora ibikorwa n’ubwenge bukorano. 3. Igituma ibihugu bikomeye birondera ubutare Ubumenyi n’ubuhinga ngurukanabumenyi biratera imbere ningoga. Imodoka z’umuyagankuba ziragwira; ivyogajuru n’imashini zikora ibikorwa biraba vyinshi; abatunzi bashaka kuja kuri Mars; amashirahamwe manini ateye imbere aragwira kw’isi. Ivyo vyose bikenera kolutani, kobaliti, inzahabu, nikel, uraniyumu, litiyumu, ubutare bw’isi budakunze kuboneka n’ibindi. Akarere k’Ibiyaga Binini kabaye ngirakamaro cane ku nyungu z’isi. 4. Afrika y’Ubuseruko ku mutima w’inyungu z’isi Amerika, Buraya, Ubushinwa, Uburusiya, abashora imitahe bigenga n’amashirahamwe akomeye baritegereza Kongo, Uburundi n’Urwanda. Si kubera urukundo gusa: ni kubera inyungu. 5. Akaga ku gihugu gifise amacakubiri n’intege nke Igihugu bacamwo ibice imbere yo gutwara ubutare bwaco, kiganzwa n’amacakubiri y’amoko kandi gifise intege nke zo kuganira ku nyungu zaco, kigira amasezerano mabi kandi kigasahurwa biciye mu buryo bwemewe n’amategeko. Amacakubiri ni umugenzi wa mbere w’ubusahuzi n’abasuma. 6. Gusahura ata kwubaka Ubutare buranyuruzwa n’inzego zo hejuru, bukagurishwa ku giciro gito, ntibutunganywe neza mu gihugu, hanyuma bukagaruka mu bikoresho bizimvye ku Murundi no ku Murundikazi. Uburundi bugasigara mu bukene no mu ngaruka ku bidukikije ziva mu bucukuzi butateguwe n’abahinga babikingira, ata nyungu bubironkamwo. Ubukoloni bukabandanya mu bundi buryo. 7. Politike y’Intelligentsia n’ukwigenga mu butunzi Iyi politike isaba gutahura agaciro k’amatungo, kwigisha abahinga b’Abarundi n’Abarundikazi mu mashure akomeye, gukorera mu kuri, gutunganya neza ikarata y’ubutare bw’Uburundi no gushora ubutare mu nzira zungukira igihugu kandi zongereza ubutunzi mu kigega. Ukwigenge mu butunzi gutangurira ku kugira abahinga bavyigiye kandi bafise impamyabumenyi. 8. Uruhara rw’Abarundi baba mu mahanga Abarundi n’Abarundikazi baba mu mahanga bafise ubumenyi igihugu gikeneye, barazi ibiba kw’isi n’indimi nyinshi, kandi bashobora gushora hanze ibiva mu Burundi. Ni ikiraro hagati y’Uburundi n’isi. Igihugu kititaho abanyagihugu baco baba mu mahanga kiba cihemukiye. 9. Ubutunzi mu kigega: kazoza k’urwaruka Ata muyagankuba, amasoko, amashure, amavuriro, amabarabara, akazi n’imishahara ibereye, urwaruka rurahungira mu mahanga, rugakoreshwa nabi kubera ubukene kandi rukabura kazoza. Gutunganya neza ubutunzi ni ugutegura kazoza k’urwaruka. 10. Ubumwe bw’Abarundi n’ubutunzi bw’igihugu Ubutunzi bushobora guhuza abantu, kwubaka amashure n’imihora no gukomeza igihugu. Bushobora kandi gucagura abantu, kuzana ibiturire no gutera intambara. Vyose bivana n’ubumwe buri hagati y’Abarundi n’Abarundikazi. 11. Inyifato ya KOMEZAMAHORO Ubutunzi ni ubw’Abarundi n’Abarundikazi bose ata n’umwe avuyemwo. Bukwiye gukoreshwa ku nyungu za bose, inyungu zikagaburwa ku Barundi n’Abarundikazi aho bari hose kw’isi. Ubutunzi bw’igihugu bugenewe abanyagihugu; ntibugenewe gutunga abari mu nzego gusa. IGICE CA VI — URUTONDE RW’IBIKORWA NYAKURI GUHINDURA IVYIYUMVIRO IBIKORWA, ATA KUGUMA MU NYANDIKO NO MU MAJAMBO GUSA 1. Intumbero rusangi: KANGUKA! KOMEZAMAHORO Igihugu ntigihindurwa n’amajambo gusa. Gihindurwa n’inyigisho, gutunganya ibikorwa no gufatanya mu bikorwa vy’ihinduka. Urutonde rw’ibikorwa vya KOMEZAMAHORO ruhuza abanywanyi bose, rutanga inyigisho « NAWE NUZE », rwigisha kwitangira igihugu no kwubaka Leta igendera ku mategeko, kandi rugahuza Abarundi n’Abarundikazi ata kuvangura mu moko. 2. Ibikorwa ku myaka yose A. Abana (4–12): « Ndi Umurundi » — kwigisha ubumwe n’ugukunda igihugu. B. Imiyabaga (13–17): « Ndatahura igihugu canje » — kwigisha kahise ata rwanko. C. Urwaruka rukuze (18–35): « Ndubaka kazoza » — imyuga, kurongora neza, ubuhinga bwa none n’ubumwe bwa Afrika. D. Abagabo n’abagore (36–60): « Ndakingira igihugu » — inshingano, amategeko n’ubumwe. E. Abakurambere (61 no kurenga): « Ndagisha abazokurikira » — ubuhinga, ubuhuza no kwigishanya. 3. Ibikorwa bigenewe impunzi Impunzi z’Abarundi n’Abarundikazi si ingorane. Ni ubutunzi bw’igihugu bwibagiwe kandi busuzugurwa. Ibikorwa birimwo kwigisha ikirundi, kwigisha ibigize Uburundi, imyuga n’ubuhinga, no kwitegurira gutahuka mu mahoro. 4. Abarundi baba mu mahanga Gutunganiriza hamwe ubumenyi, kurondera amasoko y’ibiva mu Burundi, kurera urwaruka rwa kazoza no kuvugira neza igihugu mu mahanga. 5. Abakenyezi n’abana Ku bakenyezi: kurongora, ubutunzi n’umutekano. Ku bana: amashure, amagara meza n’umutekano. Igihugu gitesha agaciro abakenyezi n’abana gitakaza icubahiro. 6. Imico n’imibano y’Abarundi Ibikorwa biratunganywa mu ntara, mu makomine, mu karere k’Ibiyaga Binini no mu Barundi baba mu mahanga. 7. Ikirangaminsi c’umwaka • Nzero–Ntwarante: gutunganya ibikorwa. • Ndamukiza–Ruheshi: inyigisho. • Mukakaro–Nyakanga: ibikorwa. • Gitugutu–Kigarama: gusuzuma ibikorwa no gutegura ivy’ahazaza. 8. Igituma woba umunywanyi wa KOMEZAMAHORO Kuba umunywanyi bigufasha kwinjira mu nyigisho zidasanzwe, kugira ijambo ku migambi no kwubaka Uburundi turi hamwe. Si ku gahato. Uza ubikuye ku mutima, ukunda Uburundi bwacu. IGICE CA VII — AKAMO KO KURANGIZA NO GUSEZERA IJAMBO RYA NYUMA RY’UMUKURU KARYENDA Abarundikazi n’Abarundi, Igihe c’ubwoba caheze. Igihe c’amacakubiri cararangiye. Igihe c’amajambo y’ubusa nikiveho. Igihe co kugira umutima wo guharanira igihugu cashitse. HAGURUKA, TUJE HAMWE! Haranira amahoro ata kwicisha bugufi. Saba ubutungane ata kwihora kubera kahise. Haranira umwidegemvyo ata kajagari. KANGUKA! Haguruka wisunze ubwenge. Gendana ubutwari. Ubaka wisunze ubumwe. Imana imwe. Ururimi rumwe. Uburundi bumwe. IGIHUGU CANKE URUPFU. TUZOTSINDA. UMUSOZO Iyi nyandiko si iherezo. Ni intango. Abana bacu baratwitegereza. Abazovuka ejo nibakubaza ico wakoreye igihugu, uzobasigira iki nk’inyishu? KOMEZAMAHORO — UMUHARI PANAFRIKA Politike y’Intelligentsia nk’ishingiro ryo gusubiza ITEKA Uburundi.